Uko wahagera

Abantu 9 Bishwe Bagonzwe mu Bushinwa


Intara ya Hunan mu Bushinwa
Intara ya Hunan mu Bushinwa

Umushoferi yari atwaye imodokari ayitumbereza mw’isinzi ry’abantu bakoraniye hamwe mu Bushinwa, yica abantu icenda, akomeretsa abandi 46. Vyashikirijwe n’abategetsi bo mu gisagara ca Hengdong mu ntara ya Hunan, iri hagati mu gihugu. Ni ho iyo nsanganya yabereye.

Igiporisi kimenyesha ko cafashe uwo mushoferi w'imyaka ishika 40, avugwa ko yigeze gufungwa azira gucuruza ibiyovyabwenge.

Abategetsi bavuze ko bariko baratohoza ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG