Uko wahagera

Ghana: Kofi Annan Yunamiwe Ubwa Nyuma Hisunzwe Imico Kama


Abakuru b'amoko kavukire bunamira ubwa nyuma Kofi Annan, yapfiriye mu Busuwisi, Accra, Ghana. Itariki 12/09/2018
Abakuru b'amoko kavukire bunamira ubwa nyuma Kofi Annan, yapfiriye mu Busuwisi, Accra, Ghana. Itariki 12/09/2018

Kofi Annan yahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, akaba yaranahawe agashimwe kitiriwe Nobel ejo kuwa gatatu yarabandanije gukorerwa umuhango wo kumwunamira no kumusezera ubwa nyuma hisunzwe imico y’ihihugu ca Ghana.

Abakuru b’amoko, abategetsi batandukanye hamwe n’abandi bakoraniye ku kigo c’amanama mpuzamakungu, ku murwa mukuru wa Ghana, Accra aho ikiziga ciwe kiri.

Yapfuye kw’itariki 18 z’ukwezi kw’umunani, inyuma y’indwara ngufi mu bitaro vyo mu Busuwisi afise imyaka 80. Inyuma yo gukorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk’umunyamabanga mukuru i New York kuva mu myaka y’1997 gushika muri 2006. Yaciye aja gukukurukira mu Busuwisi mu micungararo y’umurwa mukuru Geneve.

Kofi Annan ashingurwa muri Ghana kuri uyu wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG