Uko wahagera

ONU: Abantu Ibihumbi 30 Baramaze Guhunga Idlib


Abateshejwe ingi zabo hafi y'urubibe na Turukiya

Abantu bashika ibihumbi 30 baramaze guta ingo zabo mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya muri uku kwezi, bahunga ibitero vya reta n’ibihugu biyishigikiye mu gisagara ca Idlib kirimwo imihari irwanya reta. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abasirikare ba Siriya n’Uburusiya barongereje ibitero mu ntara ya Idlib hamwe no mu bindi bice hafi y’igisagara ca Hama mu misi iheze. Izo ntara ziri mu minwe y’imihari irwanya reta ifatanije ubucuti na al-Qaida.

Abasirikare ba Siriya bamaze indwi bakikuza ako karere. Umutegetsi mukuru ajejwe ibikorwa vy’ugutabara mw’ishirahamwe ONU, Mark Lowcock, aragabisha ko izo ntambara zishobora guhitana ubuzima bw’abantu benshi batari bwigere baboneka mur’iki kinjana.

Mark Lowcock ashikiriza ko abanyagihugu barenga ibihumbi 800 aribo bashobora guhunga. Abarenga igice c’imiliyoni zitatu baba muri Idlib baramaze guhungira mu bindi bice vya Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG