Amazi y’ikiyaga Tanganyika yahinduye ibara ku nkengera zaco mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bakoresha ayo mazi bemeza ko amakenga ari menshi kuko aribwo bwa mbere babonye ayo mazi asa n’urwatsi rutoto.
Umuhinga mu bijanye n’ikiyaga Tanganyika we yemeza ko ivyashitse ari ibisanzwe kandi vyama vyashitse. Gaspard Ntakimazi akavuga ko kiretse ifi zishobora gupfa ayo mazi ataco yonona kuko iryo hinduka ridashika kure aho amazi atangwa n’ishirahamwe REGIDESO ava.
Amazi y’ikiyaga ca Tanganyika neza na neza ku nkengera ziri mu gisagara ca Bujumbura ahegereye ikivuko ca Bujumbura naho bita ku mase muri quartier y’icumi muri zone ya Ngagara komine Ntahangwa, ayo mazi yari yahinduye ibara mu gihe hari abemeza ko haciye iminsi itatu asa n’urwatsi rutoto kuri uno wa mbere niho iryo bara ryatumye hibonekeza bantu benshi baje kuraba ivyabaye kuri ico kiyaga.
Bamwe mu bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bemeza ko ivyo vyashitse ari igitangaza kandi biteye ubwoba. Inkuru iramvuye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Raymond Nzimana yishikiye ku nkengera za Tanganyika
Facebook Forum