Uko wahagera

Indwi Bakomeretse Bacumiswe Imbugita i Paris


Paris, Kw'Ikarata y'Ubufaransa

Igiporisi mu Bufaransa carahagaritse umugabo yakomerekeje abantu indwi abacumise imbugita, barimwo n’abakerarugendo babiri b’Abongereza, ku murwa mukuru Paris ku mugoroba wo ku musi w’Imana.

Itororokanirizo ry’amakuru rifise icicaro mu bwongereza Reuters ku makuru rivuga ko ryakuye mu butungane rivuga ko ata kigaragara kiraboneka cerekana ko ico gitero cari ic’iterabwoba, kandi ko uwo mugizi wa nabi ari umunyepalestina kandi yafashwe.

Ayo makuru avuga kandi ko abantu bane mur’abo bakomeretse bababaye cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG