Uko wahagera

Eritrea na Djibouti mu Nzira yo Kunagura Imigenderanire


Urubibe Hagati ya Eritrea na Djibouti

Ibihugu vyo mw’ihembe rya Afrika birabandanya gutorera umuti ibibazo vya kidipolomasiya bifitaniye mugihe ku musi wa gatanu hatangazwa ko Eritrea na Djibouti bigiye navyo gusubira kunagura imigenderanire.

Abategetsi bo mu karere, no mu bindi bihugu bariko barigina iryo terambere muvy’imigenderanire, itanga icizere co kurangiza amatati, kandi vyakurikiye ukunagura imigenderanire hagati ya Eritrea hamwe n’ibihugu vya Etiyopiya na Somaliya mu kwezi kw’indwi.

Amatati hagati ya Eritrea na Djibouti yadutse kuva mu mwaka w’2008 bapfa urubibe rwa skirmish, hasiga ubuzima abatari bake n’abanyororo b’intambara ku mpande zose.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, umunyamabanga mukuru wa ONU hamwe n’ibihugu vyo mu karere vyizeye ko iryo terambere mu migenderanire bizoshikana ku mahoro azotuma hanaguka ubutunzi, amahoro n’umutekano mu karere k’ibihugu biri mw’ihembe rya Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG