Uko wahagera

RDC: CENI Yatangaje Lisiti y'Abakandida


Imashini izakoreshwa mu matora yimirije mu kwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka muri Kongo.
Imashini izakoreshwa mu matora yimirije mu kwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka muri Kongo.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, CENI, mu mpfunyapfunyo, yatanguye kumanika intonde z’agateganyo z’abazokwitaba amatora yimirije mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka. Iyo ngingo yafashwe mu ntumbero y’uguhagarika urukurukuru rw’uko hashobora kuzoba abatora batashize ibikumu ku ntonde z’ugutora, mu gihe hasigaye amezi ane ngo habe amatora akomeye muri Kongo.

Uwo murwi watanguye kumanika intonde z’abazotora z’agateganyo ku musi wa mbere italiki 3 z’ukwezi kw’icenda muri uyu mwaka w’i 2018. Izo ntonde zamanitswe mu bibanza abantu bazotoreramwo. Aho ni mu bibanza abatora bari biyandikishirijemwo mu mwaka w’i 2017. Abazotora baraciye mu bibanza biyandikishirijemwo kugira basuzume ko amazina yabo mu vy’ukuri ari kuri izo ntonde.

Mu kwezi kwa Gatanu, ishirahamwe mpuzamakungu rihuza ibihugu bivuga ururimi rw’igifransa, OIF mu mpfunyapfunyo, ryari ryasanze hari abazotora imiliyoni n’imiliyoni ibikumu vyabo bitari ku ntonde z’abazotora.

Vyitezwe ko abantu imiliyoni 40 bitaba amatora azoba muri Kongo kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Bitegekanijwe ko umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora ushikiriza urutonde ntabanduka rw’abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu n’abadepite kw’italiki 19 z’uku kwezi kw’icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG