Uko wahagera

Perezida Mnangagwa wa Zimbabwe Yashyizeho Abagize Leta


Uyu ni Perezida Mnangagwa aganira n'abanyamakuru i harare tariki ya Gatatu y'ukwezi kwa munani 2018.
Uyu ni Perezida Mnangagwa aganira n'abanyamakuru i harare tariki ya Gatatu y'ukwezi kwa munani 2018.

Perezida w’igihugu ca Zimbabwe, Emmersosn Mnangagwa yashikirije uno musi ku wa gatanu Reta yiwe nshasha igizwe n’abashikiranganji 20.

Mthuli Ncube, yanonosoye ivyerekeye ubutunzi, yigeze kuyobora ibanki ijejwe iterambere mu karere ka Afurika, BAD, yagenywe kuba umushikiranganji ajejwe ikigega. Ubutunzi bw’igihugu ca Zimbabwe bwarayanzaye inyuma y’imyaka 30 y’intwaro y’igitugu ya Robert Mugabe. Urugero rw’ubushomeri rurarenga ibice 90 kw’ijana vy’abanyazimbabwe, reta ifise ibibazo vy’uguhemba abakozi kubera ata mafranga ariho.

Mnangagwa, yasubiriye Mugabe, yemeye gusubira kunagura ubutunzi bw’igihugu mu gutuma abanyamitahe b’abanyamahanga bagaruka mu gihugu, hamwe n’ukurwanya ibiturire.

Perezida Mnangagwa, muvyo yatangarije abamenyeshamakuru uno musi ku wa gatanu inyuma yuko ashi kirije reta yiwe nshasha, yavuze ko ashaka guteza imbere ubutunzi bw’igihugu hisunzwe uburyo bwa none bugezweko.

Mnangagwa avuga ko yagenye reta igizwe n’abantu batandukanye, babangutse kandi bafise ubuhinga bukenewe kugira bazoshike ku migambi bishinze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG