Uko wahagera

Abimukira 50 Barabuzwe Irengero mu Butaliyano


Abimukira b'Abanyafrika mu Butaliyano
Abimukira b'Abanyafrika mu Butaliyano

Abimukira barenga mirongo itanu, kw’ijana na mirongo ine na bane baheruka kwemererwa kwinjira mu gihugu c’Ubutaliyano barabuzwe irengero mu bigo bakiriwemwo, ivyo vyashikirijwe ku wa gatatu n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’ico gihugu, Matteo Salvini.

Abo bimukira bari batowe n’ubwato bw’abasirikare bacungera inkengera z’amazi mw’ijoro ryo kuwa 15 ukwezi kwa munani, bumara imisi icumi butaremererwa kugerera ku kivuko c’Ubutaliyano.

Benshi muri bo bamuka muri Eritrea, abandi bake bava muri Somaliya, Siriya, Sudani na Comore.

Kuva mu ntango z’uyu mwaka, abimukira ibihumbi bitatu bamuka muri Eritrea barashitse mu Butaliyano ariko banshi bahitamwo guca babandanya urugendo bagana mu bihugu vy’Ubudagi, Ubusuweda canke Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG