Uko wahagera

HCR Ifise Amakenga ku Rwanko ku Banyamahanga muri Afrika y'Epfo


Umugabo afise igicapo ciyamiriza urwanko ku banyamahanga mu rugendo i Johannesburg, Afrika y'epfo, 23/04/2015.
Umugabo afise igicapo ciyamiriza urwanko ku banyamahanga mu rugendo i Johannesburg, Afrika y'epfo, 23/04/2015.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi, HCR gisaba abategetsi b’igihugu ca Afrika y’epfo guhagarika ubwicanyi buriko burakorerwa abanyamahanga imbere yuko biyangara.

HCR ivuga ko itewe umutima uhagaze n’urwanko ku banyamahanga rwiyongera mu gice kinini c’abanyafrika y’epfo. Impunzi hamwe n’abasaba ubuhungiro nibo babangamiwe kurusha abandi.

Abanyamahanga bane baramaze kwicwa mu gisagara ca Johannesburg, mu karere ka Soweto n’abenegihugu, babasahura bakabasamburira n’ivyo batunze.

HCR ivuga ko ifise ubwoba kuko ubwo bwicanyi buriko buratandukira mu ntara za Kwazulu Natal na Cap yo mu burengero.

Umuvugizi wa HCR, Charlie Yaxley yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ibitero nk’ivyo vyabaye no mu mwaka w’2015, ariko imigenderanire y’Abanyafrika y’epfo n’abanyamahanga kuva ico gihe yari yasubiye kuba myiza.

Igihugu ca Afrika y’epfo mur’iki gihe kibamwo impunzi n’abarondera ubuhungiro barenga ibihumbi 280.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG