Uko wahagera

Ni Nde Wanditse ko White House Irangwa n'Akajagari?


Abategetsi bakomeye muri Reta ya Perezida wa Amerika, Donald Trump bariko bavuga ko ata ruhara bafise mu rwandiko nyenerwo atatangajwe rwasohotse mu kinyamakuru co muri Amerika, The New York Times. Urwo rwandiko runebagura ubuyobozi bwa Perezida Trump mu kuvuga ko buteye agahinda.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Amerika, Mike Pompeo, mu rugendo arimwo mu gihugu c’Ubuhindi, yavuze ko urwo rwandiko rubabaje. Avuga ko utwigoro tw’ibinyamakuru tw’ukugeramira Reta ya Prezida Trump ari ibintu biteye agahinda. Ibiro vy’icegera ca Perezida, Mike Pence bitangaza ko birengeye inyifato nkiyo.

Umuyobozi w’iperereza ry’igihugu, Dan Coats, yasohoye itangazo rivuga ko urukurukuru rw’uko ari we yoba yasohoye urwandiko mu kinyamakuru, The New York Times, canke icegera ciwe ari ibinyoma. Abandi bahakanye ko bafise uruhara muri urwo rwandiko ni umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis, na ambasaderi w’Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Nikki Haley, Umushikiranganji ajejwe ikigega, Steve Mnuchin, na we yabihakanye.

Ikinyamakuru, The New York Times, gitangaza ko nyene urwo rwandiko ari umutegetsi akomeye muri Reta. Ico kinyamakuru kivuga ko akazi kiwe kogeramirwa hamwe izina ryiwe ryomenyekana.

Uwo mutegetsi avuga ko amabanga ya Trump y’umukuru w’igihugu n’ibiro vyiwe, Maison Blanche, birangwa n’akajagari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG