Uko wahagera

Afuganistani: Abashika 20 Bishwe na Bombe y'Umwiyahuzi


Abategetsi muri Afuganistani bashikirije ko bombe zibiri zaturikijwe ku murwa mukuru Kabul mu gace kabamwo abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite zihitana abantu bashika kuri 20 abandi barenga 60 barakomereka.

Igiporisi kivuga ko umwiyahuzi yiturikijeko bombe ya mbere, iya kabiri iturika mugihe abategetsi bariko baratabara abahitanwe n’iya mbere.

Nta muhari n’umwe uremera ko ariwo uri inyuma y’ico gitero, ariko uwukekwa n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Iyo mihana yatewe irwiriyemwo abashiite. Mu kwezi kwa cumi na kabiri yarakozwemwo ibitero vya bombe, vyishe abantu barenga 40, nayo mu kwezi kwa munani abandi 34 bicwa n’iyindi bombe y’umwiyahuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG