Uko wahagera

USA: Igitabo kitwa "Fear: Trump in the White House"


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yasubiye kwifatira mu gahanga uno musi ku wa gatatu igitabo kivuga ko amabanga yiwe ya prezida n’ibiro vyiwe, Maison Blanche birangwa n’akajagari. Yavuze ko amategeko ahimiriza abantu kutarengera akarimbi abandi akwiriye guhindurwa kugira akingire abantu ivyo yita amakuru y’ibinyoma.

Perezida Trump avuga ko biteye isoni kubona umuntu yandika inkuru canke igitabo vyuzuye irementanya n’ukuvuga umuntu uko atari na gato ntibahe inkurukizi. Aribaza igituma abanyapolitike i Washington badahindura amategeko akingira abambika iceyi abandi.

Ivyo Perezida Trump yatangaje bifatiye ku gitabo gishasha c’umunyamakuru rurangiranwa w’umunyamerika, Bob Woodward, citwa, “Fear: Trump in the White House”. Ibice vy’ico gitabo vyagiye ahabona ubwa mbere ku musi wa kabiri. Ico gitabo kuvuga ko Prezida Trump ata kintu azi ku vyerekeye ibibazo biri mu makungu, kandi ko hari ugukebana gukomeye hagati y’abategetsi bo mu biro vyiwe, “Maison Blanche”.

Amasaha makeyi inyuma yuko amakuru ya mbere yerekeye ico gitabo amenyekanye, Perezida Trump yaciye atangura kicifatira mu gahanga. Yatangaje ko ibiri muri ico gitabo ari irementanya n’ibinyoma. Prezida Trump yibajije niba uwanditse ico gitabo, Bob Woodward adakorera umugambwe w’abademokrate utavuga rumwe na Reta.

Woodward, akorera ikinyamakuru, “Washington Post”, avurwa ko yafashije gukuza ku butegetsi Perezida Richard Nixon mu mwaka w’i 1974.

Bitegekanijwe ko igitabo, “Fear:Trump in the White House” gifise impapuro 448, gisohoka ku musi wa kabiri w’indwi iza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG