Uko wahagera

RDC: Babiri Bakuwe Guhiganirwa Ikibanza ca Perezida


Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yarakuye ubutagisubira inyuma abanyapolitike babiri ku rutonde rw’abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije kuba kwezi kw’icumi na kabiri muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ayo makuru yatangajwe na televiziyo ya Reta, RTNC, uno musi ku wa gatatu.

Sentare yemeje ingingo y’urwego rw’igihugu rujejwe amatora, CENI, rwari rwanse kwakira mu kwezi guheze dosiye y’umukandida Antoine Gizenga afise imyaka 94.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yagiriza umugambwe wiwe, Parti Lumumbiste Unifie, mu mpfunyapfunyo, PALU, wakoresheje umukono w’umuhungu wa Antoine Gizenga, Lugi Gizenga, ku nzandiko za dosiye ya se wiwe. Iyo sentare ivuga ko ata bubasha yari abifitiye kandi ko biciye kubiri n’itegeko rigenga amatora.

Dosiye y’uwundi mukandida mu matora yo kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri, Jean-Paul Moka, yarakuwe ku rutonde rw’abazokwitoza kubera ata cemezo ko yarishe amadolari ibihumbi 100 atishurwa asabwa nk’ingwati ku bijanye n’amatora.

Muri rusangi dosiye 21 nizo zakiwe ku bijanye n’uguhiganirwa amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Urutonde rwa nyuma ruzoshirwa ahabona kw’italiki 19 z’uku kwezi kw’icenda hisunzwe ikirangamisi c’amatora cashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatora, CENI.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG