Uko wahagera

Amerika Iragabisha Abotera Ubumara muri Idlib


Abanyagihugu bariko barakubura ahatewe ibisasu vy'indege mu ntara ya Idlib province, itariki 4/09/2018
Abanyagihugu bariko barakubura ahatewe ibisasu vy'indege mu ntara ya Idlib province, itariki 4/09/2018

Reta zunze ubumwe z’Amerika zemeye ko zizokwishura neza kandi mu buryo butomoye mugihe igihugu ca Siriya cokoresha ibirwanisho vy’ubumara mu ntara ya Idlib, ikirindiro ca nyuma c’abarwanya reta ya Siriya.

Ibiro White House vya perezida w’Amerika vyashikirije ejo kuwa kabiri ko biriko bikurikiranira hafi ibibera muri Idlib, aho bivuga ko abanyagihugu b’inzirakarengane bashika kuma miliyoni bafise ubwoba vy’ibitero vya Perezida Bashar al-Assad.

Amerika yavuze ko izobandanya ikorana n’ibihugu bicuditse mu ntumbero yo gutorera hamwe umuti urama mu ntambara yo muri Siriya hisunzwe ivyemezo bizoshikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU Nikki Haley yashikirije ko inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano izokorana kuri uyu wa gatanu uza kugira bavugane kuri ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG