Uko wahagera

USA Iranegura Myanmar ku Rwaciriwe Abamenyeshamakuru ba Reuters


Amasanamu y'abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Reuters Kyaw Soe Oo, ibibamfu, na Wa Lone, baherekejwe n'igiporisi bavuye muri sentare, Yangon, Myanmar, itariki 3/09/2018
Amasanamu y'abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Reuters Kyaw Soe Oo, ibibamfu, na Wa Lone, baherekejwe n'igiporisi bavuye muri sentare, Yangon, Myanmar, itariki 3/09/2018

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika, kiranegura ingingo yafashwe muri Birimaniya canke Myanmar kuri uyu wa mbere yo gufunga abamenyeshamakuru babiri bakorera ikinyamakuru Reuters co muri Amerika bagirizwa kwiba amabanga y’igihugu.

Abamenyeshamakuru Wa Lone na Kyaw Soe Oo bafashwe mu kwezi kwa cumi na kabiri bahejeje kubonana n’abaporisi babiri mu nzu y’uburiro i Yangon, abo baporisi ngo babaha inyandiko zitari nke. Ariko abo bamenyeshamakuru barahakanye ko batigeze basaba izo nyandiko.

Ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Myanmar yatangaje ko urubanza rw’abo bamenyeshamakuru rwerekanye ko ata bwigenge bw’ubutungane bwubahirijwe. Amerika ivuga ko ihagaritswe umutima n’ivy’abo bamenyeshamakuru.

Abo bamenyeshamakuru babiri bariko bakurikirana ubwicanyi bwariko burakorwa n’abasirikare muri reta ya Rakhine bwatumye abantu bashika ku bihumbi 700 bo mu bwoko bw’aba Rohingya bahungira mu gihugu ca Bangladesh kuva mu kwezi kwa munani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG