Uko wahagera

USA: Senateri John McCain Yashinguwe

Ahashinguwe Sen. John McCain, mw'itongo ry'abapfuye ku mashure ya gisirikare mu gisagara ca Annapolis, reta ya Maryland, itariki 02/09/2018.
Ahashinguwe Sen. John McCain, mw'itongo ry'abapfuye ku mashure ya gisirikare mu gisagara ca Annapolis, reta ya Maryland, itariki 02/09/2018.

Senateri John McCain yari yatowe muri Reta ya Arizona ejo ku musi w’Imana niho yashingurwa mw’itongo rya gisirikare riri mu gisagara ca Annapolis, muri Reta ya Maryland.Ni inyuma y’imisi itanu yari iheze bamwibuka kandi bamwunamira nk’intwari yakoze ibikomeye kandi yakunze Amerika.

McCain, yahoze ari umudereva w’indege yabaye umunyororo w’intambara muri Vietnam mu kiringo c’imyaka irenga itanu mu myaka y’1960.

McCain yapfuye mu ndwi iheze ahitanwe n’ingwara ya kanseri yo mu bwonko, afise imyaka 81 y’amavuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG