Uko wahagera

Abanyarwanda Baba muri Kenya Batoye Abadepite


Abanyarwanda baba muri Kenya bazindutse agaturuturu gutora abadepite. Ku mugwa mukuru Nairobi co kimwe n’i Mombassa ahari ibiro vy’itora huguruye isaha cumi na zibiri z’agatondo.

I Nairobi batoreye muri ambassade y’u Rwanda. Abantu batari bake harimwo inkumi, imisore, abagabo, abagore eka mbere n’abageze mu za bukuru bari ku mirongo barindiriye kwakirwa.

Aya matora y’abadepite muri Kenya yatunganijwe ku buryo n’abanyarwanda batiyandikishirije murico gihugu bemerewe gutora. Mbere n’abari mu ngendo berekeza mu bindi bihugu bari barindiririye ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Jomo Kenyatta bahawe amahirwe yo gutora.

Ahabereye amatora ku mugwa Nairobi umutekano wari wongerejwe, mbere n’igipolisi ca Kenya gikorana n’ama ambassade hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu cari caharungitse abajejwe umutekano.

Eloge Willy Kaneza, Nairobi, Ijwi ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:40 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG