Uko wahagera

Koreya Zompi Zitegura Uyundi Mubonano


Umutegetsi Kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong-Un, ari kumwe na Prezida wa Koreya y'epfo, Moon Jae-in

Koreya y’epfo imenyesha ko igiye kurungika intumwa idasanzwe muri Koreya ya ruguru mu ndwi iza kuganira integuro y’inama igira gatatu hagati y’abategetsi b’ivyo bihugu.

Umuvugizi wa Perezida wa Koreya y’epfo yatangaje kuri uyu wa gatanu ko iyo ntumwa izoshika i Pyongyang ku musi wa gatatu kuganira ku bibazo bitari bike harimwo no gushinga isango abo bategetsi bazobonanirako.

Perezida wa Koreya y’Epfo, Moon Jae-in, n’uwa Koreya ya ruguru, Kim Jong-un, baremeranije mu nama yabahuje mu kwezi kwa kane i Panmunjom ko Moon azogendera Pyongyang mu mpera z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG