Uko wahagera

Merkel mu Rugendo muri Afrika


Shanseliye w'Ubudagi Angela Merkel (ibubamfu) na perezida wa Senegal Macky Sall, baha ikiganiro abamenyeshamakuru i Dakar, Senegal, itariki 29/08/2018.
Shanseliye w'Ubudagi Angela Merkel (ibubamfu) na perezida wa Senegal Macky Sall, baha ikiganiro abamenyeshamakuru i Dakar, Senegal, itariki 29/08/2018.

Chanseliye w’Ubudagi Angela Merkel yashitse muri Senegal ku musi wa gatatu, mu rugendo atanguye muri Afrika y’uburengero, aho Ubudagi buvuga ko bwipfuza ko iterambere rya Afrika rizotuma abimukira bahungira mu Buraya bagabanuka kandi bifashe no kurwanya iterabwoba.

Inyuma ya Ghana, Merkel azoja muri Nijeriya aho azobanana n’umukuru arongoye ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Uburengero,ECOWAS, Jean-Claude Kassi Brou.

Uru rugendo rwa Merkel rukurikiye urw’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yarimwo muri Afurika. Urugendo rwari rugamije kurondera amasezerano mashasha yerekeye ubudandaji. Ni mu gihe Ubwongereza buriko bwitegurira kuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG