Uko wahagera

RDC: Abakandida Bakumiriwe mu Matora Bituye Ubutungane


Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kongo, Jean-Pierre Bemba, hagati, akikujwe n'abaporisi, ahejeje gutanga dosiye yo kwiyamamaza mu matora y'umukuru w'igihugu
Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kongo, Jean-Pierre Bemba, hagati, akikujwe n'abaporisi, ahejeje gutanga dosiye yo kwiyamamaza mu matora y'umukuru w'igihugu

Abakandida batandatu bose bakumiriwe mu bikorwa vyo kwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo barituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, nkuko babiri muri bo babibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ejo ku musi wa kabiri.

Ingingo yo gukumira batandatu mu bakandida 25 bari biyandikishije kwitoza mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri yatangajwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora ku musi wa gatanu, ubaha gushika kuwa kabiri ko boba bituye sentare.

Muri bo harimwo Jean Pierre Bemba yahoze arongoye umuhari w’abarwanyi, akaba ari mu bakomeye barwanya reta ya Joseph Kabila, yatahutse mu gihugu kw’itariki ya mbere z’ukwezi kwa munani kwitoza inyuma y’aho arekuriwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamwagiriza ivyaha vyo mu ntambara.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro igiye kwihweza ibirego vyabo, mugihe umurwi utunganya amatora utegekanya gushikiriza intonde za nyuma z’abakandida kw’itariki ya 19 z’ukwezi kw’icenda, mugihe hazoba hasigaye amezi atatu ngo amatora abe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG