Uko wahagera

RDC: Ebola Imaze Kwica 75

Abakora mu gisata c'amagara y'abantu bariko baratanga urucanco rwa Ebola ku mukenyezi yigeze kuba arikumwe n'uwanduye mu mihana ya Mangina mu buraruko bw'intara ya Kivu, RDC, itariki 18/08/2018.
Abakora mu gisata c'amagara y'abantu bariko baratanga urucanco rwa Ebola ku mukenyezi yigeze kuba arikumwe n'uwanduye mu mihana ya Mangina mu buraruko bw'intara ya Kivu, RDC, itariki 18/08/2018.

Ibitigiri vy’abamaze guhitanwa n’ikiza ca Ebola muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo bimaze gushika ku bantu 75, nkuko vyashikirijwe kuri uyu wa mbere n’umushikirianganji w’amagara y’abantu mur’ico gihugu.

Uwo mushikiranganji amenyesha ko ata wafashwe n’ico kiza aramenyekana kuva ku musi w’Imana.

Ikindi gice Ebola iheruka gutandukira ni mu buraruko bw’intara ka Kivu ya ruguru, aharwiriye imihari y’abarwanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG