Uko wahagera

USA: Kwubaka Ikambi Nshasha muri Niger Birabandanya


Ikambi y'Abanyamerika muri Niger
Ikambi y'Abanyamerika muri Niger

Hasigaye amazi make ngo ibikorwa vy' ikambi y’abasirikare ba Amerika barwanira mu kirere muri Niger birangire. Umutegetsi mu gisirikare ca Amerika yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iyo kambi y’indege zitagira abadereva (Drone) zizoba zishinzwe igikorwa co kurwanya imirwi y’abarwanyi bakorera muri ako karere.

Uwo muvugizi w’igisirikare kirwanira mu kirere ku mugabane wa buraya na Afrika, Auburn Davis; yabwiye ijwi ry'Amerika ko Amerika imaze gukoresha amafaranga angana n’imiriyoni mirongo umunani na zitandatu n'ibice bitanu vy'amadolari mu kwubaka iyo kambi muri Nigeri yiswe “Air Base 201”.

Auburn avuga kandi kw' ico gikorwa kizobandanya mu mwaka w'i 2019, kikazokenera amafaranga yose hamwe angana n’imiriyoni mirongo icenda n'umunani n'ibice bitanu.

Davis avuga ko iyo kambi ya gisirikare iri mu gisagara ca Agadez mu buraruko bwa Niger ari iya mbere nini yubatswe n’igisirikare ca Amerika kigwanira mu kirere kuva kibaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG