Uko wahagera

Gukora Igisirikare Bizoba Itegeko muri Maroke


Reta ya Maroke igiye gusubira gushira mu ngiro itegeko risaba abakiri bato bose bafise imyaka iri hagati ya 18 na 25 kubanza kurangura imyimenyerezo ya gisirikare mu kiringo c’umwaka umwe. Aho ni mu rwego r’abasirikare bagwanira mu mazi, mu kirere hamwe no mazi.

Akanama k’umwami Mohammed wa VI karakoranye ku musi wa mbere, maze gafata icemezo co gutera igikumu ku nteguro y’iryo tegeko. Vyitezwe ko inama nshingamateka yemeza iyo nteguro y’itegeko igihe izokorana yose mu kwezi kw’icumi.

Ako kanama k’umwami kavuze ko iyo ngingo ifise umugambi wo gukomeza umutima wo gukunda igihugu mu bakiri bato.

Iyo ngingo yaratumye abanyamaroke bandika ari benshi ku bihanza bihaniranirwako amakuru. Abanegura iyo ngingo bavuga ko reta ya Maroke ishaka kwoza imitwe y’abakiri bato basanzwe bahanzwe n’ikibazo c’ubushomeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG