Uko wahagera

Uburusiya Bwasinye Amasezerano ya Gisilikari na Centrafrika


Igihugu c’Uburusiya hamwe n’ica Republika ya Centrafrika, vyateye igikumu ku masezerano ya gisirikare uyu musi ku wa kabiri. Ayo masezerano azaha uburenganzira reta y’Uburusiya bwo kwongereza igikorwa co guha inyigisho hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare, abasirikare ba Republika ya Centre Afrika, nk’uko amakuru yatangajwe n’ibinyamakuru vyo mu Burusiya abivuga.

Imigenderanire hamwe no gufashanya hagati y’Uburusiya na Centrafrika bisigaye vyariyongeye muri iyi misi, co kimwe n’imigambi ikomeye yo gukorera muri Afrika igihugu c’Uburusiya gifise. Ivyo byarashizwe ahabona mu kwezi guheze igihe abamenyeshamakuru batatu b’abarusiya bagandagurirwa muri Republika ya Centrafrika, bariko baratohoza ibirego bivuga ko hari abacangero b’abarusiya bari muri ico ghugu.

Ayo masezerano yateweko igikumu igihe c’ibirori vyo kwerekana ibigwanisho Uburusiya bwahaye Centrafrika. Vyabereye hafi y’umurwa mukuru Moscou, kandi vyitabwe n’abashikiranganji babiri b’ivyo bihugu bajejwe kwivuna abansi.

Mu ntango z’uyu mwaka, Uburusiya carahaye Republika ya Centrafrika ibigwanisho vyo mu rwego ruto, congera kiratangaza ko carungitse abasirikare hamwe n’abasivile b’abigisha 175, bagiye gutanga imyimenyerezo ya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG