Uko wahagera

Afganistani: Igitero Kubiro Vy'iperereza


Afghan National Army
Afghan National Army

Abantu bitwaje inkoho baraye bagize igitero ku nyubakwa y’imyimenyerezo iri mu kigo c’ibiro vy’iperereza rya reta ya Afganistani k'umugwa mukuru i Kabul. Ivyo bibaye inyuma y’umusi umwe abantu batari bake bishwe mu kindi gitero cagizwe ku nyubakwa y’inyigisho nayo nyene iri k'umugwa mukuru. Abagwanyi baharanira reta ya ki islamu bariyitira ivyo bitero vyompi.

Bahar Mehr, umuhanuzi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabwiye ijwi ry’Amerika ko abihevyi aribo bagize ico gitero caraye kibaye ejo ku musi wa kane. Avuga ko umwe muribo yiturikijeko bombe, abandi batatu bicwa mw'itana mu mitwe n’inzego zijejwe umutekano. Yavuze kandi ko abajejwe umutekano batatu, ba reta ya Afganistani bahakomerekeye mu bikogwa vyo kugarura umutekao, ariko ko ata musivile yahakomerekeye.

Umusi umwe imbere yaho abantu 34 barishwe mu kindi gitero ca bombe yaturikijwe n’umwihevyi kw’ishure rya Mowoud Academy. Iryo shure riri mu gace kabamwo ahanini aba islamu bo mu bwoko bw’aba Shiite. Cagizwe mu gihe abanyeshure bariko bafata ikizamini co kwinjira muri kamunuza. Abagwanyi b’abatalibani barahakana kw’ataribo bagize ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG