Uko wahagera

USA: Umuririmvyi Aretha Franklin Yitavye Imana


Aretha Franklin
Aretha Franklin

Aretha Franklin, umuririmvyi rurangiranwa w’umunyamerikakazi mu muziki wa Soul, yitavye Imana afise imyaka 76. Yakikujwe n’umuryango n’abagenzi mu gisagara ca Detroit, muri Reta Michigan muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Aretha Franklin, afise imyaka 76, yatsindiye agashimwe ka Grammy, mu muziki wiwe wa Soul. Indirimbo ziwe zamenyekanye cane zirimwo, “Respect” mu mwaka w’i 1967, “Natural Woman” mu mwaka w’i 1968 na “I Say a Little Prayer” mu mwaka w’i 1968.

Ni we mupfasoni wa mbere yashizwe mu rwego rwa mbere rw’abaririmvyi bakomeye cane mu muziki wa Rock and Roll mu mwaka w’i 1987.

Ibibazo bikomeye vy’amagara yiwe vyatangajwe ubwa mbere ku muhingamo wo ku musi w’Imana urangiye n’umumenyeshamakuru, akongera akaba n’umugenzi w’umuryango wiwe, Roger Friedman.

Abaganga bamutoyemwo indwara ya cancer mu mwaka w’i 2010. Yari amaze indwi ariko avurirwa imuhira iwe mu gisagara ca Detroit muri reta ya Michigan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG