Uko wahagera

Ibrahim Boubacar Keita Yatsinze Amatora muri Mali


Ibrahim Boubacar Keita ageze ku biro vy'itora

Perezida w’igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita, yatsinze ikiringo kigira kabiri c’imyaka 5 n’ibice birenga 65 kw’ijana vy’amajwi mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu. Ivyo vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati uno musi ku wa kane.

Umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Soumaila Cisse, yaronse ibirenga ibice 32 kw’ijana vy’amajwi mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi w’Imana. Igitigiri c’abitavye amatora ni ibice 32 kw’ijana. Ayo matora yabaye mu gihe imirwi y’intagondwa yagabisha uruhagarara n’ubwicanyi.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro itegerezwa kwemeza ivyavuye mu matora kw’italiki 22 z’ukwezi kw’umunani.

Umuvugizi wa Prezida Keita, Mahamadou Camara, avuga ko banezerejwe n’intsinzi yiwe. Atangaza ko abanyamali berekanye uwo bipfuza ko abayobora mu vyaza vyibonekeje mu ncuro ya mbere y’amatora.

Abashigikiye umukandida yatsinzwe mu matora, Soumaila Cisse, bakoraniye ku murwa mukuru, Bamako, mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ivyavuye mu matora. Cisse yagirije Prezida Ibrahim Boubacar Keita ku mutekano muke uri mu gihugu.

Ivy’uko umugambwe wa Soumaila Cisse uzokwitwarira ivyavuye mu ncuro ya kabiri y’amatora muri sentare ntibiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG