Uko wahagera

Imfashanyo Ya Qatar Y'imiriyaridi 15 Muri Turkiya


Umukuru wa Qatar Cheikh Tamim ben Hamad Al-Thani, na Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya.
Umukuru wa Qatar Cheikh Tamim ben Hamad Al-Thani, na Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya.

Igihugu ca Qatar ciyemeje gukoresha amafaranga imiriyaridi 15 z’amadolari yaco mu gihugu ca Turkiya mu ntumbero yo gufasha ubutunzi bw’ico gihugu businzikaye muri iki gihe. Abategetsi ba Turkiya baraye babitangaje ejo ku musi wa gatatu.

Iyo mfashanyo ikaba izokoreshwa mu mabanki ya Turkiya n’izindi nzego z’ubutunzi muri ico gihugu. Uwo mugambi washikirijwe n’umuyobozi wa Qatar Sheikh Tamin Bin Hamad Al Thani aho yari mu biganiro muri Turkiya na Prezida Recep Tayyip Erdogan.

Ifaranga rya Turkiya riherutse guta agaciro cane muri iki gihe hari icuka kibi hagati y’ici gihugu na Amerika kubera ukutumvikana kuri k'ubusumba sumbane buri hagati y’agaciro k’amafaranga y’ivyo bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG