Uko wahagera

Ubutaliyano: Ikiraro Casenyutse Gihitana Abantu 26


Ikiraro ca Morandi inyuma yaho gisenyukiye. AP
Ikiraro ca Morandi inyuma yaho gisenyukiye. AP

Abategetsi m’Ubutaliyano bariko baragerageza gutohoza icatumye ikiraro gikomeye gisenyuka ejo ku musi wa kabiri. Iryo sanganya ryabaye mu gisagara ca Genoa m'uburaruko bushira uburengero bw’igihugu, rihitana abantu 26.

Igice kinini c’ico kiraro ca Morandi caguye mu gihe hariko hagwa imvura yari irimwo umuyaga mwinshi ejo ku musi wa kabiri itari yitezwe. Iyo mvura yari igizwe n’umuyaga ukomeye waragurukije imiduga ku metero 45.

Ibimanyu vy’inyubakwa vyari bifatanye n’ivyuma vyaguye ku zindi nyubakwa hafi y’ico kiraro. Abategetsi bavuze ko imiduga 35 yaguye mu kinogo catewe n’isenyuka ry’ico kiraro.

Abajejwe gutabara imbabare bariko barakora ijoro n’umutaga, bongera bakoresha imbwa z’igishijwe ubuhinga bwo kurokora abantu, kugira bagerageze kurokora aboba baguye muri iryo sanganya. Abategetsi bavuga ko abapfuye bahitanye n’iryo sanganya, kandi ko abari hafi yaho ataco babaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG