Uko wahagera

Zimbabwe Iridogera Ibihano Yahawe Na Amerika


Reta ya Zimbabwe ivuga ko kuba reta ya Amerika yabandanije ibihano yari yarahaye ico gihugu kiri mu bumanuko bwa Afrika, bigiye kubandanya gusinzikaza ubutunzi bwaco.

Ni mugihe mu ndwi iheze, Prezida Donald Trump yashize urukumu kw’ihinyanyugwa ry’itegeko ryiswe Zidera ryerekeye ibihano kuri Zimbabwe, mu kugerageza kurihinyanyura kugira habe inagurwa ry’ubutunzi na demokarasi muri ico gihugu.

Sibusiso Moyo umushikiranganji wa Zimbabwe ajejwe imigenderanire n’amahanga aranegura iryo tegeko avuga ko ribandanya kuba intambamyi mu budandaji hagati ya Amerika na Zimbabwe.

Avuga ko mw'ihinyanyugwa ry’iryo tegeko vyerekana neza ko habaye intambwe mw’inagugwa ry’amategeko yerekeye ubutunzi muri ico gihugu, kandi ko Zimbabwe yarishe amadeni yari ifitiye ikigega c’isi, n’ibindi. Ariko Moyo avuga ko kubera ata migenderanire iri hagati y’amabanki yo muri Amerika n’ayo muri Zimbabwe, nta terambere rishobora kwibonekeza.

Moyo avuga kandi ko ibinyamakuru vyo mu makungu bito bandanya kuvuga ko ibihano igihugu ca Zimbabwe cahawe biri ku bantu bamwe bamwe gusa, kandi amashirahamwe n’abantu bempi bacibwa ihadabu bagize ubudandanji hagati yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG