Uko wahagera

Amerika Yongereje Ibindi Bihano ku Burusiya


Trump na Putin

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibindi bihano ruhasha bishasha ku Burusiya, inyuma y’aho bigaragariye ko Uburusiya aribwo bwahaye ishano uwahoze abusumira urusaku hamwe n’umukobwa wiwe mu Bwongereza mu kwezi kwa gatatu.

Amerika yagiriza Uburusiya kutubahiriza amategeko mpuzamakungu mu guha uburozi abanyagihugu babwo.

Umurusiya Sergei Skripal hamwe n’umukobwa wiwe, Yulia, babasanze bataye ubwenge aho bari mu gisagara ca Salisbury mu Bwongereza. Bose uko ari babiri barakize inyuma yo kumara indwi mu bitaro.

Ivyo bihano bishasha ku Burusiya vyatangajwe ejo kuwa gatatu, bitegekanijwe gutangura gushirwa mu ngiro kw’itariki ya 22 z’ukwezi kwa munani. Bizobuza Amerika kugurisha mu Burusiya ibikoresho bishobora kubangamira umutekano mu gihugu, nk’ibikoresho vya gitekinolojiya.

Ubwongereza bwashikirije ko bushigikiye ivyo bihano vya Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG