Uko wahagera

Kenya: Abasirikare 5 Bishwe Batezwe Umutego


Ibiziga vy'abasirikare ba Kenya bitwawe na Ambulance i Nairobi Kenya, itariki 27/01/2017.

Abasirikare 5 b’igihugu ca Kenya bishwe uno musi ku wa gatatu bahitanywe na bombe yari yatezwe kw’ibarabara igihe imodoka yabo yarengana mu karere ka Lamu mu buseruko bw’igihugu. Ayo makuru atangazwa n’igipolisi c’igihugu.

Abo basirikare bari mw’ikamyo yaciye kuri iyo bombe, ikaba yononekaye bikomeye. Abo basirikare 5 baciye bapfa buno nyene, abandi 6 barakomereka.

Ico gitero igipolisi cagiriza intagondwa z’abayislamu b’abasomali bo mu murwi al-Shabab, cabereye hafi y’ishamba ry’ahitwa Boni. Ico gice kiri kw’ibarabara rijana mu gisagara ca Bodhei. Ikoreshwa ry’amabombe ategwa ku mabarabara ku bapolisi canke abasirikare mu ntara zo mu buraruko no mu buseruko bwa Kenya zegereye urubibe na Somaliya biraba kenshi.

Muri kahise abarwanyi b’umurwi al-Shabab bariyitiriye ibitero bitari bike nk'ivyo vyahitanye abapolisi n’abasirikare b’igihugu ca Kenya batari bake.

Igitero co mu karere ka Lamu kibaye umusi umwe inyuma yuko igihugu ca Kenya cibutse imyaka 20 irangiye ibitero vy’iterabwoba bigizwe kuri Ambasade za Amerika i Narirobi, ku murwa mukuru wa Kenya n’i Dar es Salaam, umurwa mukuru wa Tanzaniya mu mwaka w’i 1998. Ivyo bitero vyahitanye abantu 224. Ivyo bitero vyagirijwe umurwi w’iterabwoba al-Qaida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG