Uko wahagera

Abasirikare ba ADF Bagirizwa Kwica Abashika 14 muri Beni


Umusirikare wa Kongo FARDC ariko ahigana n'umuhari ADF i Opira, muri Kivu y'Uburaruko, itariki ya 25/01/2018.

Abagabo cumi hamwe n’abagore bane baranyurujwe n’abakekwa kuba abarwanyi b’Abaganda bahurikiye mu muhari ADF. Batowe ibiziga mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko amakuru ava mu gisirikare yabivuze ku musi wa gatatu.

Ivyo biziga vyatowe i Beni mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ihana urubibe n’ibihugu vya Uganda n’u Rwanda, ahavugwa ikiza ca Ebola muri iki gihe.

Umuhari w’abarwanyi ADF washinzwe n’abarwanyi b’Abayisilamu barwanya perezida wa Uganda Yoweri Museveni.

Bari mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuva mu mwaka w’1995 kandi bagirizwa na reta ya Kongo hamwe na ONU kwica abanyagihugu baharurwa mu majana kuva mu mwaka wa 2014.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG