Uko wahagera

Ubwicanyi Bwabaye Ndase Muri Chicago


Igisagara ca Chicago muri Amerika
Igisagara ca Chicago muri Amerika

Igipolisi c’igisagara ca Chicago muri Reta zunze ubumwe za Amerika kivuga ko kitazotsindwa mu gikorwa barimwo. N’inyuma y'aho mu mpera z’indwi iheze habaye ubwicanyi budasanzwe bwahitanye abanyagihugu mirongo itatu na bane, bishwe barashwe n’inkoho mu kiringo c’amasaha mirongo ibiri n’ane.

Mu bahasize ubuzima, harimwo umukobwa w’imyaka cumi n’indwi yarashwe mu maso.

Umwe mu bapolisi b’ico gisagara yabwiye ikinyamakuru Chicago Sun-Times ati “Birakomeye muri iki gihe...hari icuka kibi, kandi ibintu bishobora gukomera na cane”.

Uwo mupolisi w’igisagara ca Chicago avuga ko bumvise abantu bavugira ku matelefone yabo ngendanwa bategura ibitero vyo kwihorera ababo bishwe, bongera basaba bagenzi babo n’abo nyene kwihora.

Ivyo bibaye inyuma yaho mu ndwi iheze habaye imyiyerekano yahagaritse uruja n’uruza rw’ibarabara rikomeye mu gisagara ca Chicago, abantu biyamiriza ubwicanyi bugirwa hakoresheje inkoho busigaye bwarabaye ndanse.

Abanyagihugu bo muri ico gisagara bagira imyiyerekano basaba ko buramatari waco Rahm Emmanuel atanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG