Uko wahagera

Etiyopiya: Abanyagihugu 29 Bishwe Mu Gisagara ca Jijiga


Igisirikare ca Etiyopiya caraye gifashe mu minwe yaco, amayira manini manini, inyubakwa za reta hamwe n’ikibuga c’indege c’akarere kari hafi y’ubuseruko bw’igihugu ca Somaliya. Ni inyuma yaho ubwicanyi bwadutse ku murwa mukuru w’ako karere i Jijiga. Abantu mirongo ibiri n’icenda barasize ubuzima muri ubwo bwicanyi.

Itana mu mitwe ryatanguye ku musi wa gatanu aho haba ukutumvikana hagati y’abayobozi b’inzego zo hasi, n’abayobozi ba reta rusangi y’igihugu.

Ntibiramenyekana neza icatumye haduka urwo ruhagarara. Khadar Abdi Ismail, umutegetsi w’umugambwe w’Abasomali wa People’s Democratic Party muri ako karere, yabwiye ijwi ry’Amerika ko abasirikare ba reta ya Etiopiya aribo bobazwa ubwicanyi bw'abo bantu.

Uwo mutegetsi ata umwikomo w’ubwo bwicanyi kuvyo yise “ukwinjira kw’abasirikare bafise ibirwanisho bikomakomeye” muri ico gisagara. Ismail avuga ko hatewe abantu batari mu bwoko bw’Abasomali, hasahurwa amamangazini, inyubakwa ziraturirwa, n’ishengero rimwe rirasenyurwa.

Igisirikare ca Etiyopiya cari giheruka kurahira ko kizokora “ibishobotse vyose kugira gishire ibintu ku murongo muri ako karere ka Etiyopiya kagizwe ahanini n’abasomali.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG