Uko wahagera

USA: Ibihano ku Bategetsi 2 ba Turukiya kubwo Gupfunga Pasitori Brunson


Pasitori Andrew Craig Brunson, wo muri reta ya North Carolina, ashitse ku nzu aho aba i Izmir, muri Turukiya. Itariki 25/07/2018 .
Pasitori Andrew Craig Brunson, wo muri reta ya North Carolina, ashitse ku nzu aho aba i Izmir, muri Turukiya. Itariki 25/07/2018 .

Reta ya Turukiya imenyesha ko yiyamirije ishimitse ingingo yafashwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika yo gufatira ibihano babiri mu bategetsi ba reta, bitewe n’uko reta yanse kurekura umupasitori w’umunyamerika afungiwe muri Turukiya yagirizwa gufasha abakora iterabwoba.

Reta ta Turukiya yabishikirije ejo kuwa gatatu, inyuma y’aho ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ubutunzi bufatiye ibihano babiri mu bagize reta ya Turukiya ku kwanka kurekura Pasitori Andrew Brunson apfungishijwe icamaso mu nzu.

Umushikiranganji wa Turukiya w’ubutungane, Abdulhamit Gul, hamwe n’uw’intwaro mu gihugu hagati, Suleyman Soylu, bafatiwe amatungo bafitiye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kuko ngo bagize uruhara mw’ifatwa n'ipfungwa rya Pasitori Brunson amaze amezi arenga 21 mu munyororo.

Brunson ategekanya kwitaba sentare mu kwezi kwa cumi, itariki 12 kugira yisigure kuvyaha yagirizwa vyo gukorana n’umunyedini Fethullah Gulen, ari muri Amerika, yagirizwa na reta ya Turukiya kuba hejuru yo gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2016.

Uwo mupasitori w’imyaka 50, yarahakanye ivyo vyagiriji, ashobora kuzopfungwa imyaka 35, mugihe ivyo vyomwagira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG