Uko wahagera

Pakistani: Imran Khan Yatsinze Amatora y'Abashingamateka


Umukinyi rurangiranwa wa Cricket Imran Khan, yinjiye muri Poritike, akaba arongoye umugambwe (PTI), mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma yo gutora i Islamabad, Pakistani, itariki 25/07/2018.
Umukinyi rurangiranwa wa Cricket Imran Khan, yinjiye muri Poritike, akaba arongoye umugambwe (PTI), mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma yo gutora i Islamabad, Pakistani, itariki 25/07/2018.

Komisiyo ijejwe gutunganya amatora muri Pakistani yatangaje kuri uyu wa gatanu ko uwahoze ari umukinyi rurangiranwa mu rukino rwa Cricket, mu nyuma aja muri politike, Imran Khan, yatsinze amatora y’abashingamateka, ariko umugambwe wiwe ntiwashoboye kuronka amajwi akwiye kugira utsinde bikwiye kuburyo ugiye kwiyunga n'iyindi mu runani.

Iryo tangazo ry'iyo ntsinzi ryaje inyuma y’amasaha make Khan atangaje ubwiwe ko umugambwe wiwe (PT) watsinze amatora ku musi wa kane. Yemeye ko agiye kurwanya ubukene hamwe n’ibiturire vyihaye indaro mu gihugu.

Myinshi mu migambwe irwanya ubutegetsi yaraneguye ayo matora mu kuvuga ko yabayemwo utunenge ku buryo ngo yatunganijwe ahengamiye kuruhande rwa Khan, ivyagiriji komisiyo y’amatora muri Pakistani yahakanye.

Ibihe vyo kwiyamamariza ayo matora yo kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kw’indwi vyaranzwemwo ubwicanyi, aho abantu 170 bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG