Uko wahagera

Urugendo rwa Putin muri Amerika Rwabaye Rurahagaritswe


Perezida Vladimir Putin na Trump igihe bagira batangure ibiganiro i Helsinki muri Finlande, itariki 16/06/2018
Perezida Vladimir Putin na Trump igihe bagira batangure ibiganiro i Helsinki muri Finlande, itariki 16/06/2018

Ibiro vya Perezida muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, White House vyashikirije kur’uyu wa gatatu ko Perezida Donald Trump na Vladimir Putin w’Uburusiya batazobonana mu nama igira kabiri muri uyu mwaka.

Umuhanuzi wa Perezida mu vyo umutekano mu gihugu, John Bolton yavuze ko Trump yipfuza kuba ararindiriye kumutumira imbere y'uko amatohoza ariko arakorwa n’umushingwamanza adasanzwe, Robert Mueller ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu arangira.

Ivyo vyashikirijwe mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika zatangaje ejo nyene ko batazigera bashigikira ingendo y’Uburusiya aho bwigaruriye mu mwaka wa 2014 izinga rya Crimea risanzwe ryegukira Ukraine, kandi ibihano vyafatiwe Uburusiya bitazigera bikurwaho gushika Crimea isubijwe Ukraine.

Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo mugihe yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka kuri uyu wa gatatu ku bibazo bitandukanye harimwo n'ikibazo c'Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG