Uko wahagera

Ubwicanyi Bwahitanye Abantu 2 i Toronto


Abantu bari ahabereye ubwicanyi i Toronto, Canada, itariki 22/07/2018.

Igiporisi co mu gisagara Toronto muri Canada, kimenyesha ko umugabo yitwaje inkoho ntoya ngendanwa ku musi w’Imana yarashe mw’ibarabara ricamwo abantu benshi, yica abakobwa babiri, akomeretsa abandi bantu 13.

Abategetsi bavuga ko uwo mugizi wa nabi azwi kw’izina rya Faisal Hussain, w’imyaka 29, aba muri Toronto, nawe nyene yapfiriye mur’ico gitero. Ariko ntibiramenyekana nimba yariyishe canke yarashwe n’igiporisi.

Ubwo bwicanyi bukurikiye ubundi bwabaye, haraheze amezi atatu, aho umushoferi yatumbereza imodokari yiwe mu kayira k’abantu bagenda n’amaguru muri Toronto nyene, yica abantu cumi.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG