Abajejwe gutabara imbabare muri Espanye baratabaye abimukira bashika kuri 800 bariko baragerageza kujabuka ibahari Mediterane ngo binjire mu bihugu vya buraya mu misi ibiri iheze.
Abapolisi bacungera imbibe z’inzuzi barokoye abantu mu bwato bwari bwuzuye cane, aho bwari bugeze ku nzuzi za Gibraltar na Alboran. Ako karere niko kegereye cane inkombe z’inzuzi ziri hagati ya Afrika na Espanye.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe uruja n’uruza rw’abantu kw’isi, rimenyesha ko abantu barenga ibihumbi 18 bamaze gushika muri Espanye bava mu buraruko bwa Afrika muri uno mwaka.
Igihugu ca Espanye gisigaye carasimbuye igihugu c’ubutaliyano cari cararengewe mu kwakira ingenzi nyinshi ziva muri Afrika. Ubu Espanye yakira abantu batari bake bava muri Siriya, Afganistani n’ahandi bahunze intambara, ubukene, hamwe n’abarondera ubuzima bwiza mu bihugu vya Buraya.
Facebook Forum