Uko wahagera

Amerika Itewe Amakenga n'Umwumvikano Muke muri Sudani y'Epfo


Itariki indwi z'ukwezi kw'indwi, 2018
Salva Kiir na Riek Machar,
Itariki indwi z'ukwezi kw'indwi, 2018 Salva Kiir na Riek Machar,

Reta zunze ubumwe za Amerika imenyesha ko itewe amakenga n’uburyo ibiganiro vy’umwumvikano biriko biragenda muri Sudani y’epfo. Ivuga ko prezida Salva Kiir n’abatavuga rumwe nawe Riek Machar, batariko barerekana ubutwari bukwiye kugira haboneke amahoro n’ubuyobozi bukwiye mu gihugu.

Mw’itanganzo ryashikirijwe na Sarah Sanders umuvugizi w’ibiro vya prezida Trump, Amerika ivuga iti “turacafise amakenga y’uko bashobora kutumvikana ngo bapfundike amasezerano y’amahoro agana ku nzira y’intwaro nziza mu mwanya ukwiye.

Sudani y’epfo yiyonkoye kuri Sudani mu mwaka w'i 2011, ariko mu 2013 ico gihugu gishasha caciye cadukamwo intambara kubera ukutumvikana mu buryo bwo gusangira ubutegetsi kwabaye hagati ya prezida Kiir n’uwahoze ari icegera ciwe Machar.

Impande zibiri z’abo bategetsi zahuye ku murwa mukuru Khartoum wa Sudani mu ndwi iheze kugira bapfundike amasezerano y’amahoro, yamara ntivyakunze ko bumvikana uburyo bosangira ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG