Uko wahagera

Nta Nkeka Uburusiya Burabandanya Ibikorwa Bihungabanya Amerika


Daniel Coats, umuyobozi w'ikigo kijejwe iperereza hagati mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika
Daniel Coats, umuyobozi w'ikigo kijejwe iperereza hagati mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Umuyobozi w’ikigo kijejwe iperereza mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Daniel Coats, ejo kuwa kane yongeye avuga ko Uburusiya bukibandanya bubangamira mutekano wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kandi hari intambwe zikwiye gufatwa kugira Uburusiya bubuzwe guhungabanya amatora y’abashingamateka muri uyu mwaka.

Ivyo yabivugiye mu kiganiro cahuje abayobozi b’ibigo bijejwe amaperereza muri reta ya Colorado.

Coats avuga ko mugihe bishoboka ko n’ibindi bihugu bishobora kuba bigeregeza gukora nkuko, Uburusiya nibwo buza imbere mu kugaba ibitero ku buhanga ngurukanabumenyi muri Amerika, no gucanishamwo Abanyamerika n’ibindi bihugu bicudutse.

Aremeza adakekeranya ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ariwe atuma ivyo biba.

Coats yemeye ko yatangaye yumvise amakuru avuga ko Trump ariko yitegurira gutumira Putin muri Amerika, avuga ko ibigo bijejwe iperereza bizoraba ku kuntu urwo rugendo rushobora guhungabanya umutekano kandi bazoha Perezida amakuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG