Uko wahagera

Abashika Umuliyoni Barateshejwe Izabo muri Etiyopiya


Plumes of smoke are seen behind buildings in Addis Ababa, Oromia,
Plumes of smoke are seen behind buildings in Addis Ababa, Oromia,

Ubushakashatsi bwakozwe bwerekanye ko abantu bashika ku muliyoni mu bumanuko bwa Etiyopiya bahunze ingo zabo ku nguvu kuva mu kwezi kwa kane, kubw’imishamirano hagati y’amoko mu mazone ya Gedeo n’uburengero bwa Guji.

Ubwo bushaskashatsi bwakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, bwasanze benshi mur’abo bakuwe mu ngo zabo, barenga ibihumbi amajana umunani babayeho ubuzima bubi cane mu bice vya Gedeo muri Etiyopiya.

Icatumye iyo mishamirano ntikiramenyekana, ariko havugwa ko amatati ku mbibe hamwe no kurondera ubwatsi hamwe n’amazi y’ibitungwa arizo mvo zituma amoko y’aba Gedeo n’abo mu burengero bwa Guji atana mu mitwe.

IOM ivuga ko benshi mu bakuwe mungo zabo basavye indaro mu miryango, mugihe abandi basavye indaro mu bigo, nk’amashure hamwe n’inyubako zitararangira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG