Uko wahagera

Abanyesomaliya 500 Bemerewe Kugumizwa muri Amerika


Abdisellam Hassen Ahmed, impunzi y'umunyesomaliya atazi iyo ivyiwe bigana inyuma y'aho Donald Trump afatiye ingingo yo kubuza ibihugu bimwe bimwe kwinjira muri Amerika.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafashe ingingo kuri uyu wa kane yo kwongereza ikiringo c’ugukingira abanyasomaliya bagera ku 500 barondeye ubuhungiro muri Reta zunze Ubumwe z’Amerika.

Benshi muribo bari muri Reta ya Minnesota, irimwo igitigiri kinini cane c’Abanyamerika bakomoka muri Somaliya mu gihugu.

Abasenateri b’abanyamerika bagera kuri 22 bararungikiye ikete umushikirangaji ajejwe umutekano w’igihugu, Kristjen Nielsen, bamusaba kwongereza ikiringo c’ugukingira abo banyasomaliya bagera ku 500 kugira ntibirukanwe mu gihugu. Bahungiye muri Amerika kubera intambara n’ubwicanyi muri Somaliya.

Senateri Tina Smith wo muri Reta ya Minnesota, ayoboye ako kigoro, yabwiye Ijwi rya Amerika, ko ibintu bicifashe nabi cane muri Somaliya.

Avuga ko ivyo vyotandukanya imiryango. Bitegekanijwe ko ikiringo c’ugukingira abo banyasomaliya kirangira kw’italiki 17 z’ukwezi kw’icenda, umwaka w’i 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG