Ibiganiro hagati ya Reta zunze ubumwe z'Amerika n’Uburusiya bigamije gutegura uyundi mubonano hagati y’abategetsi b’ivyo bihugu biza vyaratanguye kandi birabandanya, ivyo vyatangajwe kuri uyu wa kane na sekreteri mu biro vya Perezida ajejwe gutangaza amakuru, Sarah Huckabee Sanders.
Sanders, yashikirije ko Perezida Donald Trump yasavye umuhanuzi mu biro vyiwe muvy’umutekano mu gihugu, John Bolton gutumira Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin i Washington inyuma y’ukwezi kw’icenda.
Iri tangazo ry’uyo wundi mubonano ryashikirijwe inyuma y’imisi itatu abo bategetsi babonanye i Helsinki. Umubonano w’i Helsinki waraneguwe n’abanyepolitike ku mpande zose, inyuma y’aho Perezida Trump ahakaniye ko Uburusiya butahungabanije amatora yo muri 2016.
Perezida Putin yagiriza Abanyepolitike muri Amerika gushaka kugerageza gutesha agaciro inama yagiranye na mugenzi we w’Amerika.
Putin yemeza ko ivyo biganiro vyashitse ku mwumvikano ngirakamaro. Ariko haba mu biro vya Perezida w’Amerika canke mu bategetsi ba reta, nta n’umwe arashikiriza ivyo abo bategetsi babiri bumvikanyeko inyuma yo kubonanira mu mwiherero barikumwe n'umusobanuzi wabo.
Facebook Forum