Prezida wa Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Joseph Kabila, yasubiye kwiyemeza, uno musi ku wa kane, ku vyerekeye kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’igihugu. Yamara ntaco yavuze kuri kazoza kiwe ka politike.
Aho ni mu gihe hasigaye amezi atanu ngo abanyekongo batore umukuru w’igihugu azomusubirira.
Prezida Kabila amaze imyaka 17 ari ku butegetsi muri Kongo.
Kabila yatangaje ko italiki y’amatora itegekanijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka w’i 2018 ikigumijweho, kandi ko yiyemeje ku vyerekeye kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Ni mw’ijambo yashikirije mu nyubakwa y’inama nshingamateka.
Yavuze ko abanyekongo aribo bazotunganya ubwabo amatora.
Ijambo ryiwe ryari rirarindiwe n’abanyepolitike hamwe n’abafasha igihugu ca Kongo. Bari biteze ko azogira ico avuga kuri kazoza kiwe ka politike.
Umunyamabanga maukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yari aherutse gutangaza ko Prezida Kabila agiye kumenyesha ingingo zitari nke zikomeye.
Prezida Kabila avuga ko nkuko ata numwe igihugu ca Kongo cahaye icirwa ko batiteguriye guhabwa icirwa ku bijanye na demokrasi
Facebook Forum