Uko wahagera

Pasitori Andrew Brunson Yagumijwe mw'Ibohero muri Turukiya


Andrew Brunson, umupasitori yamuka muri reta ya carolina ya Ruguru muri Amerika, apfungiwe muri Turukiya kuva mu mpera z'umwaka wa 2016
Andrew Brunson, umupasitori yamuka muri reta ya carolina ya Ruguru muri Amerika, apfungiwe muri Turukiya kuva mu mpera z'umwaka wa 2016

Ubutungane muri Turukiya bwaciriye urubanza umupasitori w’Umunyamerika Andrew Brunson rwo kugumizwa mu munyororo kuvyaha vy’iterabwoba. Iyo ngingo yafashwe mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika zariko zirakora uko zishobora zisabira ifungurwa ry’uwo mupasitori.

Bubaye ubugira gatatu, ubucamanza bwa Turukiya buhakana kumubohora. Brunson agira akwize imyaka ibiri ari mu minwe y’ubutungane.

Reta zunze ubumwe z'Amerika zishikiriza ko zibabajwe n'iyo ngingo yafatiwe umunyagihugu waco.

Brunson yaciriwe imyaka irenga 35 mw’ibohero yagirizwa gushigikira abanywanyi b’umunyedini w’umunyaTurukiya Fethullah Gulen, yagirizwa kuba yashatse gutembagaza ubutegetsi. Yagirizwa kandi gushigikira umuhari PKK udacana uwaka na reta ya Turukiya.

Brunson w’imyaka 50, amaze imyaka irenga 20 muri Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG