Uko wahagera

Impunzi 19 Zaribiye mw'Izinga rya Chypres


Impunzi zishika kuri 19 zaribiye mu mazi ejo ku musi wa gatatu abandi barenga 30 baraburwa irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibira mw’ibahari Mediterane mu burengero bw’izinga rya Chypres, ivyo bishikirijwe n’abajejwe umutekano.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu 150, nayo abarenga 100 nibo batabawe n’abasirikare ba Turukiya.

Ibikorwa vyo kurondera abataraboneka birabandanya, nkuko amakuru abishikiriza.

Izinga rya Chypres riri ku bilometero 160 uva ku nkengera ya Siriya, ntiryari rimenyereye kubona impunzi zirigana nkuko vyagaragaye muri Turukiya, Ubugirika, n’Ubutaliyano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG