Uko wahagera

Inama ya Trump na Putin Iteje Impari muri Amerika


Perezida wa Amerika Donald Trump kumwe na mugenzi we w'Uburusiya muri Finlande
Perezida wa Amerika Donald Trump kumwe na mugenzi we w'Uburusiya muri Finlande

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yabandanije kuvuga uno musi ku wa kabiri ko inama yagiranye na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yagenze neza cane. Iyo nama yabereye mu gisagara ca Helsinki, mu gihugu ca Finlande, ku musi wa mbere.

Ivyo naho yanebaguwe bikomeye kuba yafashe uruhande rwa Putin mu guhakana ko Uburusiya bwivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka w’I 2016, aho ugushigikira ivyatohojwe n’inzego zijejwe ubutasi za Amerika vyerekana ko Uburusiya bwivanze muri ayo matora.

Mu butumwa yashize kuri Twitter, Prezida Trump avuga ko naho inama yagiranye n’abategetsi b’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, mu mpfunyapfunyo, OTAN, yagenze neza, inama na Prezida Putin yagenze neza kurushiriza. Amenyesha ko yamara ko ivyo bitatangajwe nk'uko vyagenze.

Yamara umukuru w’inama nshingamateka y'Amerika, Paul Ryan, n’abandi banyepolitike basanzwe bashigikiye Prezida Trump babandanije kwitandukanya n’ivyo yatangaje ari kumwe na Prezida Trump. Paul Ryan yatangaje ku buryo butomoye ko Uburusiya bwivanze mu matora yo mu mwaka w’i 2016 muri Amerika.

Abashingamateka n’abakenguzamateka b’abademokrate n’abarepublika batari bake biyamirije aho Prezida Trump ahagaze. Batangaje ko ivyo yavuze biteye isoni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG